Uburyo bushasha bwo gutera amashurwe mu birato muri Kenya

Ukurima amashurwe mu birato vya plastike
Image caption Ukurima amashurwe mu birato vya plastike

Umupfasoni wo mu gihugu ca Kenya yikorera utwiwe, Wanjiru Waweru-Waithaka, yaratanguye umugambi wo kurima amashurwe mu birato vya plastike.

Umumenyeshamakuru wa BBC Taurai Munda ni we yafashe aya mafoto igihe yatemberera ico gihugu.

Image caption Ukurima amashurwe mu birato vya plastike

Avuga ko ayo mashurwe ateye mu birato vya plastike atuma abaza kumushorera ibitanda vy’abana asanzwe agurisha mu micungararo y’igisagara ca Nairobi, I Kikuyu, bagenda baramwenyura.

Image caption umupfasoni Wanjiru Waweru-Waithaka yikorera utwiwe adandaza ibitanda vy'abana