Ikirobo cakoreshejwe mu kubaga amaso ubwa mbere kw'isi

Iyo kirobo cakoreshejwe mu gukurako agashato gato cane kari ku jisho ry'umugwayi
Image caption Iyo kirobo cakoreshejwe mu gukurako agashato gato cane kari ku jisho ry'umugwayi

Abaganga bo mu gihugu c’Ubwongereza bakoresheje ubwa mbere kw’isi ikirobo (robot) mu kubaga amaso y’umuntu, bituma asubira kubona.

Uwo mugwi w’abaganga wo mu bitaro vya John Radclife, bakoresheje ico kirobo mu gukurako urushato ruto cane ku jisho ry’umugwayi.

Uwo mugwayi yitwa Bill Beaver, afise imyaka 70, yabazwe ubu avuga ko yiyumva neza cane.

Abaganga bizeye ko ubwo buhinga buzofasha mu gikorwa co kubaga gikeneye kwitonderwa cane.