ONU ivuga ko inzara ishobora kwica abana muri Nigeria

Akarere ka Borno mu buraruko bwa Nigeria Uwufise ububasha kw’isanamu Getty AFP
Image caption Akarere karimwo intara ya Borno kasubiye kugendwa kuva aho Boko Haram ihirukaniwe

Umwe mu barongozi b'ishirahamwe mpuzamakungu ONU yagabisheje ko abana ibihumbi 50 mu buraruko bwa Nigeria bashora kwicwa no gufungura ibidakwiye.

Abo bana ngo bafise uburwayi bukabije bwatewe no gufungura nabi, bakaba bakeneye kuvurwa vyihutirwa.

Arjan De Wagt, uwujejwe igisata kiraba gufungura kw'abana mw'ishami rya ONU rijejwe abana, UNICEF, yabariye BBC ko ibintu bimeze nabi cane kurusha uko babiziga.

Yavuze ko ako karere kasubiye kugendwa kuva mu kwezi kwa kane, abarwanyi b'umugwi wa ki Islam, Boko Haram, bamaze kuhirukanwa.

Ngo igice c'umuriyoni w'abana mu ntara ya Borno bageramiwe no gufungura nabi, umwe mu bana batanu muri abo akaba ashobora kuhasiga ubuzima.

Yongeyeko yuko indwara y'ubukangwe, canke polio, iriko irahagaruka mu gihe hari haciye imyaka ibiri iranduranywe n'imizi.