Umuforomakazi yagire ahitanwe na ebola agiye guhanwa

Pauline Cafferkey
Image caption Pauline Cafferkey ntiyabwiye abaganga ko yari yafashe paracetamol

Umuforomakazi wo muri Ecosse yari agiye guhitangwa na ebola yanduriye muri Sierra Leone, haciye imyaka ibiri, agiye gukurikiranwa kubera inyifato itabereye.

Pauline Cafferkey yagirizwa guhisha abaganga ko yari afise umuriro mwinshi igihe yatahuka mu Bwongereza, imbere y'uko indwara imufata koko.

Cafferkey yarapimwe umuriro ku kibuga c'indege ca Heathrow, yemererwa gufata indege imujana i Glasgow.

Yagirizwa kuba atarabwiye abaganga ku kibuga c'indege ko yari yafashe paracetamol.

Ivyo yagirizwa nivyemezwa, ashobora gutakaza uruhusha rwo gukora akazi k'ubuganga.