Ihagarikwa ry'imirwano muri Syria risa n'iryakunze

Umuji wa Aleppo Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Aleppo iratekanye nyuma y'ihagarikwa ry'imirwano ryatanguye ejo

Amakuru ava muri Syria yerekana ko muri rusangi ihagarikwa ry'imirwano ryatanguye ejo ku mugoroba, ririko rirubahirizwa n'impande zirwana.

Umunyamakuru wa BBC ari mu muji wa Aleppo uri mu buraruko, ahabera imirwano ikomeye, yavuze ko yumvise urusasu rumwe rumwe, ngo ariko muri rusangi hari hatekanye.

Imwe mu migwi y'abarwanyi mu gice c'ubuseruko bw'umuji ntirabwa n'iri hagarikwa ry'imirwano, ryashitsweko ku mwumvikano hagati ya Leta Zunze Ubumwe za Amerika n'Uburusia, ritangura gushirwa mu ngiro ku mugoroba w'ejo kuwa mbere.

Umwe mu migwi ibikurikiranira hafi ufise icicaro mu Bwongereza, Syrian Observatory for Human Rights, wavuze ko hari ugukozanyako kwabaye mu bice vy'igihugu hagati y'abasirikare ba leta n'abarwanyi.