Indege z'intambara za US zagurutse muri Korea y'epfo

Indege z'intambara za Amerika Uwufise ububasha kw’isanamu REUTERS

Indege z'intambara za Amerika zifise ubushobozi bwo gutwara ibigwanisho ruhonyanganda, zagurutse hejuru y'ikirere ca Korea y'epfo inyuma y'imisi mike Korea ya ruguru igerageje ikirwanisho nk'ico.

Izo ndege zagurukiye ahantu atari kure cane y’ubutaka ahari ikigo ca gisirikare kiri ku birometero 77 uvuye ku rubibe Korea y’epfo ihana na Korea ya ruguru.

Amerika yaragabishije Korea ya ruguru ko ingingo zikomeye zigiye gufatirwa ico gihugu, inyuma yo kugerageza ivyo bigwanisho vy’ubumara ku musi wa gatanu.

Iryo geragezwa ryagizwe na Korea ya ruguru ni ryo rya mbere rikomeye rigizwe n’ico gihugu.

“Indege zo mu bwoko bwa B-1, zifise ubushoboze bwo gutwara misile zifise ubumara canke ibirwanisho vy’ubumara ubwavyo, zifise ubushobozi bwo kwonona inzu zubatse mu kuzimu.

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Umukuru w'ingabo za Amerika ziri muri Korea y'epfo, General Vincent Brooks (uwa kabiri uvuye i buryo) yavuze ko iryo geragezwa rya Korea ya ruguru ryatumye imishamirano yiyongera.

Ico gikorwa c’izo ndege co kuguruka, cari categuriwe kuba ku musi wa mbere, ariko kiza gucererwa kubera ikirere kitari cifashe neza I Guam, akarere izo ndege zibitswemwo.