Burundi: Umubano mubi hagati y'abantu n'imvubu

Icapa cerekana uruhongore kama rwa Rusizi
Image caption Icapa cerekana uruhongore kama rwa Rusizi

"Nta n’umwe kw’isi ashobora kurema impongo, imvubu canke inyoni.... Imana niyo ibishobora yonyene. Irazi gituma yabishize muri uru ruhongore rwa Rusizi. Tubikingire’’.

Ico capa canditse mu gifaransa nico kiri ku bwinjiriro bw’uruhongore Kama rwa Rusizi.

Ku nkengera z’urwo ruzi rwisuka muri Tanganyika rumanukanye intara za Cibitoke , Bubanza na Bujumbura, niho imvubu nyinshi ziba.

Jean Claude Ndayishimiye avuga ko zoba ziri hagati y’amajana atanu n’igihumbi.

‘’Ntizikigira isaganirizo, ntizikigira aho zirisha. Hari imirima ahandi hubakwa amazu’’

Image caption Inzu zubatse ku nkengera y'uruzi Rusizi aho imvubu zahora zirisha

Hari abubaka amazu hafi y’uruzi, abandi bakaropora umusenyi.

Imirima y’amatomati, ibigazi n’indi irabengagira ku nkombe za Rusizi.

Imvubu zirayona canke zigashika kure zirondera ivyatsi.

Zihuye n’abanyagihugu zikabatera mbere zikanabica.

Kuva mu kw’icenda mu 2015 zimaze kwica abantu barenga 15, ariko na zo nyene ziricwa.

Mu mwaka umwe hamaze kwicwa 5.

Jean Claude Ndayishimiye avuga ko ‘’amategeko avuga ko kuva ku nkombe z’uruzi gushika ku metero ijana ata na kimwe kirekuriwe kuhakorerwa kiretse ibikorwa vyo gukingira ibidukikije canke ivy’ubukerarugendo’’.

Image caption Imirima iri ku nkebera ya Rusizi

Avuga ko abategetsi bajejwe kwubahiriza ayo mategeteko aribo baba aba mbere mu kuyarenga.