Inebagurwa ry'Ubufaransa n'Ubwongereza ku rupfu rwa Kadafi

Ubwongereza n'Ubufaransa bwaragize ibitero vy'indege ku ngabo za Kadafi Uwufise ububasha kw’isanamu AFP/GETTY
Image caption Ubwongereza n'Ubufaransa bwaragize ibitero vy'indege ku ngabo za Kadafi

Icegeranyo c’umugwi w’abashingamateka b’Ubwongereza canebaguye ingingo y’ico gihugu n’Ubufaransa yo kwisuka no gukura ku butegetsi Col Kadafi.

Uwo mugwi ujejwe ibibazo vy’imigenderanire vy’Ubwongereza yarengeje mbere urugero mu kwerekana ivyari gushikira abanyagihugu inyuma y’aho reta ya Kadafi itanguriye gutana mu mitwe n’imigwi yayigwanya.

Yagirije uwari umushikiranganji wa mbere w’ico gihe, David Cameron ko yateguye umugambi ugayitse wo kwinjira muri Libya.

Abo bashingamateka bavuga ko vyatumye haba intambara mu gihugu cose, ikibazo c’abimukira, uguhonyanga agateka ka zina muntu hamwe n’ikwirahira ry’imigwi y’abagwanyi ya ki islam yiyita Islamic State mu buraruko bwa Afrika.

Uwufise ububasha kw’isanamu PHOTOSHOOT
Image caption Nicholas Sarkozy na David Cameron batanguje ibitero muri Libya

Umuvugizi wa reta y’Ubwongereza yabeshuje ivyo vyashikirije avuga ko ishirahamwe ry’ibihugu vy’abarabu hamwe na Onu, bose bashigikiye umugambi w’ikoreshwa ry’inguvu.

Kadafi yagandaguwe n’abagwanyi itariki 20 ukwezi kwa cumi mu 2011.