Ceferin prezida mushasha wa UEFA

Aleksander Ceferin (i buryo) ni we yari afise amahigwe menshi gusumba (i bubamfu) imbere y'uko amatora aba Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Aleksander Ceferin (i buryo) ni we yari afise amahigwe menshi gusumba (i bubamfu) imbere y'uko amatora aba

Prezida w’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru muri Slovenia, Alexander Ceferin yatorewe kurongora ishirahamwe ry’umupira w’amaguru ku mugabane wa Buraya UEFA.

Ceferin agiye mu kibanza kigaragara cahoramwo Michel Platini, yahagaritswe na FIFA imyaka umunani inyuma yo guhamwa n’icaha co kwakira amahera adaciye mu mategeko agera kuri miliyoni z’amapawundi 1.3.

Prezida mushasha yatsinze Michael Van Praag, arongoye ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu gihugu ca Pays Bas, mu matora yabaye uyu musi mu gisagara ca Athenes mu Bugiliki.

Ceferin agiye kurongora UEFA gushika muri 2019.

Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Platini yari yatorewe kurongora UEFA mu 2006