Icicaro kimwe ca gisirikare muri EU

Junker yavuze ko igisirikare kimwe ca EU cokwunganira Otan Uwufise ububasha kw’isanamu REUTERS
Image caption Junker yavuze ko igisirikare kimwe ca EU cokwunganira Otan

Ubumwe bwa Buraya burakeneye icicaro kimwe ca gisirikare, hahuriramwo ingabo zose, nk’uko prezida w’akanama ka EU yabibwiye abashingamateka I Strasbourg.

Jean-Claude Juncker yavuze ko “Ibura ry’igisata camaho” bituma amahera akoreshwa nabi mu butumwa butandukanye.

Nka kimwe mu gice c’ijambo ashikiriza buri mwaka, yavuze kubiraba amatora y’Ubwongereza yo kuva muri EU bitunguranye.

Yavuze ashimitse ko urwo runani rw’ibihugu rutageramiwe na gato, ahimiriza ko ibiganiro vy’Ubwongereza vyo kuva muri iryo shirahamwe vyokwihutishwa cane.

Uko kuva muri EU vyasubiye kuvyura umugambi wo kugira urunani rwo kugwaniriza umwansi hamwe, kuko Ubwongereza bwahora bwiyamiriza uwo mugambi bwitwaje ko hoba ukubangamira inyungu za Otan.

Ariko Junker yavuze ko igisirikare kimwe “cokunganira Otan”.

“Gukorona gusumba mu vya gisirikare ntibisigura kugabanya ugufatana munda kw’ibihugu bigize Otan.”

Ikigega kigenewe ukwivuna abansi I Buraya cofasha mu bikorwa vy’ubushakashatsi mu n’iterambere mu vya gisirikare, nk’uko abandanya abivuga.