Ihagarikwa ry'imirwano muri Syria ryongejwe amasaha 48

Umuji wa Aleppo niwo utarashikamwo imfashanyo mu gihe ihagarikwa ry'imirwano rigiye kwongerwako amasaha 48 Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Umuji wa Aleppo niwo utarashikamwo imfashanyo mu gihe ihagarikwa ry'imirwano rigiye kwongerwako amasaha 48

Ubushikiranganji bujejwe imigedenderanire muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika buvuga ko ico gihugu n'Ubususiya vyumvikanye kwongera agahengwe muri Syria amasaha 48.

Ihagarikwa ry'imirwano ryumvikanywe n'ivyo bihugu vyombi rimaze iminsi ibiri, ababikurikiranira hafi bakavuga ko ata munyagihugu arahasiga ubuzima muri ico gihe, naho hari ukubirengako kwabaye.

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU ntirirashobora gutanga imfashanyo, cane cane mu karere ko mu buseruko ka Aleppo kagenzurwa n'abarwanyi.

Ariko bivugwa ko abasirikare ba leta ya Syria hamwe n'imigwi y'abarwanyi bariko baritegurira kuva kw'ibarabara nyamukuru kuwa kane.