Impunzi z'abasomalia zitahukanwa hadakurikijwe amategeko

Bamwe mpunzi barahunze ikambi ya Dadaab batinya gutahukanwa ku nguvu Uwufise ububasha kw’isanamu REUTERS
Image caption Bamwe mu mpunzi barahunze ikambi ya Dadaab batinya gutahukanwa ku nguvu

Ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu Human Rights Watch ryagirije igihugu ca Kenya n’ishami rya Onu rijejwe impunzi kw’isi UNHCR, ko batubahiriza amategeko mu gutahukana impunzi z’abasomalia.

Mu cegeranyo c’iryo shirahamwe cashizwe ahabona kivuga ko Kenya kidaha uburenganzira impunzi kwihitiramwo gutahuka ku gushaka canke kuguma mw’ikambi ya Dadaab.

Uwujejwe ikibazo c’uburenganzira mw’ishirahamwe rya Human Rights Watch, Bill Frelick yavuze ko UNHCR idaha inkuru zikwiye impunzi ku kungene umutekano wifashe mu gihugu ca Somalia.

Reta ya Kenya na Somalia zivuga ko hageze ko iyo kambi yugarwa.

Igihugu ca Kenya catangaje ko ikambi ya Dadaab itegerezwa kuba yugaye gushika mu kwezi kwa cumi na rimwe.

Image caption Hari impunzi zemeye gutahuka ku gushaka

Ishirahamwe mpuzamakungu riharanira agateka ka zina muntu Human Rights Watch rivuga ko bamwe mu mpunzi bafashe ingingo yo guhunga iyo kambi, batinya kwirukanwa ku nguvu mu kwezi kwa cumi na rimwe.