Bali: Ikintu caturitse cahitanye ingenzi y'umudagi

Abategetsi bavuga ko umupfasoni yapfuye yahitanye n'ivyamuguyeko Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Abategetsi bavuga ko umupfasoni yapfuye yahitanye n'ivyamuguyeko

Ikintu caturikiye mu bwato bwunguruza ingenzi mw’izinga rya Bali cahitanye ingenzi imwe y’umudagi, gikomeretsa abandi 19, nk’uko bivugwa n’igipolisi.

Ntibiramenyekana icabiteye, ariko abategetsi bavuga ko Atari bombe.

Ubwo bwato bwari butwaye abantu 30, bose b’aba nyamahanga n’abakozi bane, bukaba bwariko buragana izinga rya Gili Trawangan.

Uburyo bwo kwiyunguruza mu mazi muri Indonesia ntibushemeye, amasanganya ahitana ubuzima bw’abantu akaba akunze kuba.

Muri abo bari muri ubwo bwato, harimwo abongereza 17, ingenzi zivuye mu Bufaransa, Ubutaliyanop, Portugal, Irland na Espagne, nk’uko bimenyeshwa n’itororokanirizo ry’amakuru rya AFP.

Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Izinga rya Bali rirakundwa cane n'ingenzi

Ico kintu caturikiye ku bwato bwa Gili Cat 2 ku metero 200 bumaze guhaguruka ku kivuko ca Bai mu buseruko bwa Bali, nk’uko bivugwa n’igipolisi.

“Twishimikije ibivugwa n’ababibonye, n’ivyo nabonye aho vyabereye, ico kintu caturikiye mu gikono bashiramwo igitoro,” bikaba bivugwa n’umukuru w’igipolisi muri ako karere, Sugeng Sudarso.

“Hejuru hari ibateri, birashoboka ko intsinga zakoranyeko bica bitandukira igikono bashiramwo igitoro.”

Yavuze ko iyo ngenzi imwe yitavye Imana yazize ibikomere vyo mu mutwe.

Umuvugizi w’ibiro nserukiragihugu vy’Ubwongereza i Jakarta yavuze ko bariko barafasha abongereza bakomeretse, nk’uko vyandikwa na AFP.

Mu mwaka uheze, ingenzi zirenga 20 barakomerekeye mu bwato bwariko burajabuka hagati ya Bali n’izinga abantu bakunze gufatiramwo akaruhuko rya Lombok.

Ico caturitse ico gihe, vyibajijwe ko cavuye mu gikono c’igitoro nyene.

Ariko kandi, Indonesia gihora giterwa n’abagwanyi ba Islamic State.

Mu kwezi kwa mbere, ibitero vya bombe n’inkoho vyagizwe ku mugwa mukuru i Jakarta, vyarahitanye abanyagihugu basanzwe hamwe na bane mu bari bateye.

I Bali honyene, abantu 202, benshi muri bo bagizwe n’abanyamahanga barishwe mu 2002 igihe bombe yaturikira mu kibanza gikunzwe cane n’ingenzi.