Prezida Duterte yarategetse iyicwa ry'abo batavuga rumwe

Duterte yari umukuru w'igisagara ca Davao mu 1988 Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Duterte yari umukuru w'igisagara ca Davao mu 1988

Prezida wa Philippine Rodrigo Duterte yoba yararashe umukozi wo mu butungane n’inkoho yo mu bwoko bwa Uzi akiri umukuru w’igisagara ca Davao.

Ivyo vyavuzwe na Edgar Matobato, yahoze ari mu migwi yica abantu, imbere y’umugwi w’abakenguzamateka uriko uragira amatohoza ku bwicanyi ndengerabutungane.

Yavuze ko Duterte yamutegetse hamwe n’abandi bari kumwe kwica inkozi z’ikibi zoba zishika 1.000 canke abatavuga rumwe na we mu myaka irenga 25.

Umuvugizi wa prezida Duterte yahakanye ivyo bivugwa.

Umuvugizi w’ibiro vy’umukuru w’igihugu, Martin Andanar yavuze ko amatohoza yamukozweko akiri umukuru w’igisagara ata co yashitseko.

Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Edgar Matobato yariko arisigura ku gushaka imbere y'akanama k'abakenguzamateka kagira amatohoza ku bwicanyi ndengerabutungane

Matobato w’imyaka 57 yavuze ko yari mu mugwi witwa Davao Death Squad, umugwi wari uzwi cane wagirizwa ubwicanyi bw’abantu amajana n’amajana.

“Akazi kacu kari ako kwica inkozi z’ikibi nk’abadandaza ibiyayuramutwe, abafata abagore ku nguvu n’abasuma,” n’uko yavuze.

Ariko yavuze kandi ko n’abatavuga rumwe na Duterte babica, harimwo bane mu bajejwe umutekano b’uwo bari bahanganye mu matora y’umukuru w’igisagara, Prospero Nograles.

Yavuze ko mu 1993, umugwi wiwe wakomerekeje umukozi wo mu butungane inyuma y’imishamirano yari yabereye kuri bariyeri.

“Umukuru w’igisagara Duterte n’umwe mu bamumaririje,” n’uko yavuze.

“Jamisola(uwo mukozi wo mu butungane) yari agihema igihe Guterte yashika. Yaciye amumarirako amasandugu abiri y’amasase ya Uzi.”

Abicwa bararaswa canke bakanigwa.

Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Duterte yabandanije iyo politike yiwe ikaze ku badandaza ibiyayuramutwe no ku butegetsi bwiwe nk'umukuru w'igihugu

Abandi babacumita mu nda bagaca babata mu kiyaga kugira ifi zibarye, ahandi nka rimwe twabagaburiye ingona.

Yabwiye umugwi w’abakenguzamateka ko yagiye mu vyabona bikingiwe aca arinyegeza igihe Duterte yashikira ubutegetsi, atinyirira ubuzima bwiwe.

Matobato avuga kandi ko Duterte yamutegetse gutega bombe mu musigiti ufitaniye isano n’ibitero vyari vyabaye i kuri katedrale y’i Davao mu 1993.

Kuri ivyo bivugwa, umuvugizi wa Duterte, Martin Andanar, yavuze ”Sinibaza ko yoshobora gutanga amategeko nk’ayo.”

Yavuze ko akanama k’igihugu kajejwe agateka ka zina muntu kananiwe kwerekana ko hari umugwi wa Davao Death Squad.