Uburusiya bwagiriza Amerika kutubahiriza amasezerano

Ingabo za reta n'abagwanyi batevye kuva mw'ibarabara rya Castello Uwufise ububasha kw’isanamu REUTERS
Image caption Ingabo za reta n'abagwanyi batevye kuva mw'ibarabara rya Castello

Uburusiya bwagirije Amerika kunanirwa gushira mu ngiro ivyo yiyemeje kuvyerekeye amasezerano kuri Syria.

Mw’itangazo ry’ubushikiringanji bwo kwivuna abansi rivuga ko Amerika yikingiriza amajambo kugira ntiyerekane ubushobozi buke ifise ku migwi ico gihugu gisanzwe gifashe mu mugongo.

Ako gahengwe karubahirijwe muri rusangi kuva ku musi wa mbere, n’aho reta ishigikiwe n’abarusiya hamwe n’abagwanyi bagumye bagirizanya kukarengako.

Hagati aho, Onu yagabishije ko hariho ingorane zo kujana imfashanyo muri Syria.

Intumwa idasanzwe Staffan de Mistura yagirije reta ya Syria ko ari yo ibifisemwo uruhara, kubera ko itaratanga ibaruwa yobafasha gushika mu turere twugarijwe n’utugiye gushikamwo.