Abadereva banyururijwe muri RDC babohojwe

Kenshi ibidandazwa vyinshi biva mu bihugu bibanyi bija muri RDC mu makamyo Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Kenshi ibidandazwa vyinshi biva mu bihugu bibanyi bija muri RDC mu makamyo

Abadereva b’abamakamyo b’abatanzania umunani hamwe na bane b’abakenya babohowe inyuma yo gufatwa nk’ingwati mu buseruko bwa RDC , nk’uko umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu muri ico gihugu yabibwiye BBC.

Abo badereva bari banyururijwe mu ntara ya Sud Kivu ku musi wa gatatu.

Umushikiranganji wa Tanzania ajejwe imigenderanire n’amakungu yavuze ko abari babafashe ingwati basaba amadolali ibihumbi bine kuri umwe umwe, nk’uko vyanditswe n’ikinyamakuru candikirwa muri ico guihugu ca Daily News.

Ariko umushikiranganji wa Republika iharanira intwaro rusangi ya Congo w’intwaro yo hagati mu gihugu yavuze ko ata mahera yatanzwe, ko ari abasirikare ba reta bababohoje.

Yabwiye BBC ko abari babanyuruje vyabonetse ko batari biteze ko baterwa, bakaba baciye bahungira mw’ishamba bakibona abasirikare.

Yavuze ko abari babanyuruje ari abasuma, ariko ntibiragaragara nimba boba bafitaniye ubucuti n’imigwi y’abagwanyi isanzwe iri muri ako karere k’ubuseruko ba RDC.

Ababobohojwe ubu bari mu minwe ya gisirikare, bakaba baza kubaherekeza ku rubibe RDC ihana na Tanzania, nk’uko bishikirizwa na Salehe.

Mu mwaka uheze, abavugabutumwa b’abatanzania baranyururijwe muri RDC arikoinyuma y’indwi zitari zike, bararekuwe.