Igisirikare c'Ubwongereza ngo nticorinda igihugu gitewe

General Sir Richard Barrons
Image caption General Sir Richard Barrons avuga ko ubushobozi bw'igisirikare bwagabanijwe mu ntumbero yo kuziganya amafaranga

Umwe mu basirikare bo ku rwego rwo hejuru mu Bwongereza agabisha leta avuga ko igisirikare kititeguye ku buryo cokingira igihugu habaye igitero gikomeye.

General Sir Richard Barrons yaradondaguye uko igisirikare c'Ubwongereza gihagaze mu rwandiko yashikirije agire aje mu zabukuru avuye mu mabanga yo kuba umugaba mukuru w'igisirikare mu kwezi kwa kane.

Yavuze ko ubushobozi nyamukuru igisirikare cari gifise bwakuweko mu ntumbero yo gutubika umukanda, hagabanywa amafaranga leta ikoresha.

Ubushikiranganji bw'Ubwongereza bujejwe kwivuna abansi bwavuze ko ubu igisirikare gifise integuro y'amafaranga yisununuye, ngo kandi ingingo zose zafashwe n'abakuriye igisirikare, harimwo na Sir Richard.