Sudani y'epfo iriyamiriza icegeranyo kiyirega igiturire

Abarongozi ba Sudani y'epfo, Riek Machar (i bubamfu) aserukiye abatavuga rumwe na leta na Salva Kiir (i buryo) umukuru w'igihugu Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Icegeranyo kivuga ko abarongozi ba Sudani y'epfo bunguka mu gihe abanyagihugu bashegeshwe n'intambara

Leta ya Sudani y'epfo ivuga ko icegeranyo giheruka gusohoka c'ishirahamwe ryo muri Amerika, cagiriza abategetsi igiturire ngo kizobangamira umugambi w'amahoro.

Umuvugizi w'umukuru w'igihugu Salva Kiir, avugwa muri ico cegeranyo, yabajije niba hari umutegetsi n'umwe w'i Buraya yokwemera kwagirizwa ivyo yise ko ata shingiro bifise.

Uruhande rw'umukuru w'igihugu Kiir rwamye rwagiriza ibihuru vya Buraya gushaka guhindura ubutegetsi muri Sudani y'epfo.

Ico cegeranyo kivuga ko abarongozi ba Sudani y'epfo babandanya bunguka mu gihe abanyagihugu bashegeshwe n'intambara yo hagati mu gihugu.