Uburusiya bugabisha ko ibintu muri Syria biri kwunyuka

Uburusiya bwagiriza abarwanya leta muri Syria kurenga ku masezerano yo guhagarika imirwano Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Uburusiya bwagiriza abarwanya leta muri Syria kurenga ku masezerano yo guhagarika imirwano

Abajejwe intwaro mu Burusiya bagabisha ko ibintu muri Syria biri kwunyuka mu gihe abarwanya leta bamaze kugaba ibitero birenga 50 mu munsi umwe.

Umwe mu bakuru b'igisirikare ca leta yagirije Leta Zunze Ubumwe za Amerika kunanirwa kwubahiriza umwumvikano wazanye agahengwe k'ihagarikwa ry'imirwano.

Yagabishije kandi ko leta ya Washington ariyo izobibazwa ihagarikwa ry'imirwano nicirica impfagusa.

Kuwa gatanu, Amerika yagirije Uburusiya kunanirwa kubwiriza leta ya Assad ngo yemerere imfashanyo gushika mu miji yo muri Syria ikijujwe.