Ikintu caturitse i New York cakomerekeje abantgu 29

Abajejwe intwaro bavuga ko ata sano ririho n'umugwi w'iterabwoba Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Abajejwe intwaro bavuga ko ata sano ririho n'umugwi w'iterabwoba

Umukuru w'igisagara ca New York, Bill de Blasio, yavuze ko ari igikorwa cagizwe n'ibigirankana ngo ariko nta sano n'umugwi w'iterabwoba ririgaragaza gushika ubu.

Igipolisi kivuga ko ico caturitse, mu karere ka Chelsea muri district ya Manhattan, catewe n'igikoresho gituritsa ibintu, hakaba hakomeretse abantu mirongo ibiri n'icenda.

Hatowe ikindi kintu cakekwa ko naco cari guturika hafi y'aho ico cambere caturikiye.

Ibitangazamakuru vyo muri Amerika bivuga ko ari igikoresho co guteka gikoresha umwuka ushushe, gifise n'intsinga ziva imbere.

Abajejwe intwaro bavuga ko ata cerekana ko ivyo bintu bibiri hari isano bifitaniye n'igisasu giteze mu muhora caturitse mu muji uri wafi wa New Jersy.