Ibirwanisho vyo mu ntambara y'isi biragurishwa camunara

Ibiduga vy'ingwano nk'ibi nivyo vyakoreshejwe mu gitero ca D-Day i Normandie mu ntambara ya kabiri y'isi Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Ibiduga vy'ingwano nk'ibi nivyo vyakoreshejwe mu gitero ca D-Day i Normandie mu ntambara ya kabiri y'isi

Ibiduga vy'ingwano n'ibindi birwanisho vyakoreshejwe mu ntambara ya kabiri y'isi mu gitero c'i Normandie mu Bufaransa biragurishwa camunara mu muji wa Catz.

Vyinshi muri ivyo birwanisho vyakoreshejwe ku munsi uzwi nka D-Day, igihe urunani rw'abarwanya Ubudage bagaba igitero ku nkengero za Normandie, co kubohoza uburaruko bushira ubungero bw'Uburaya bwari bwigaruriwe n'Abanazi bo mu Budage.

Vyinshi muri ivyo biduga vy'ingwano hamwe n'iyindi miduga vyarasanuwe ku buryo bikora neza.

Inyubakwa ndangakahise vyarimwo imaze imyaka itatu yuguruye, yananiwe kuronka abantu benshi bayigendera.

Nyene iyo nyubakwa avuga ko gutororokanya ivyo bikoresho ari akazi k'ubuzima bwiwe, akaba amaze imyaka mirongo itatu n'indwi abikora, ngo ariko ikori ryo mu Bufaransa riramunaniye.