Hadutse imirwano kubera ibitoro mu buseruko bwa Libya

Umusirikare w'umugwi ushigikiye leta ifashwe mu mugongo na ONU Uwufise ububasha kw’isanamu AFP Getty
Image caption Imirwano iriko irabera hafi y'ububiko bwa El Sider na Ras Lanuf.

Abavugizi b'imigwi ibiri itavuga rumwe muri Libya bavuga ko imirwano yasubiye kwaduka bapfa kugenzura ibivuko bicako ibitoro mu buseruko bw'igihugu.

Umugwi w'abarwanyi ushigikiye leta ifashwe mu mugongo na ONU, warwanye n'abasirikare ba komanda Khalifa Haftar, ashigikiye ubutegetsi buri mu muji wa Tobruk mu buseruko bwa Libya.

Abasirikare biwe bigaruriye ububiko bwinshi bw'ibitoro mu ndwi iheze.

Iyi mirwano iriko irabera hafi y'ububiko bwa El Sider na Ras Lanuf.