Obama ahamagarira abirabure gutora Hillary Clinton

Abama ngo azoba atutswe n'abirabure nibatatora Hillary Clinton Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Abama ngo azoba atutswe n'abirabure nibatatora Hillary Clinton

Prezida Obama avuga ko kuzoba ari nko kumutuka abirabure nibatatora Hillary Clinton aserukiye umugambwe w'aba Democrates mu matora y'umukuru w'igihugu wa Amerika.

Mw'ijambo ririmwo igishika yavuze ko naho izina ryiwe ritari mu bazitoza, ngo iragi ryiwe ririko.

Prezida Obama yagirije aba Republicains kuba bagora cane abo mu bwoko bw'inkehwa mu bibano vyabo, avuga ko ari akamaramaza ku gihugu.

Benshi mu birabura muri Amerika mu bisanzwe batora abaserukira aba Democrates.