Prezida Jacques Chirac yinjiye ibitaro arwaye mu mahaha

Jacques Chirac niwe mukuru w'igihugu wa mbere w'Ubufaransa yahamwe n'icaha c'igiturire mu 2011
Image caption Jacques Chirac niwe mukuru w'igihugu wa mbere w'Ubufaransa yahamwe n'icaha c'igiturire mu 2011

Uwahoze ari umukuru w'igihugu c'Ubufaransa, Jacques Chirac, yinjiye ibitaro mu muji wa Paris nyuma yo gufatwa n'uburwayi bwo mu mahaha.

Ikinyamakuru co mu Bufaransa, Le Parisien, kivuga ko bwana Chirac w'imyaka mirongo umunani n'itatu, yafashwe n'uburwayi ari mu karuhuko muri Maroke, acumbitse mu kirimba c'umwami i Agadir.

Yaciye ajanwa mu Bufaransa n'indege bwite y'umuryango w'ubwami bwa Maroke.

Niwe mukuru w'igihugu w'Ubufaransa wa mbere yahamwe n'icaha, aho yagirizwa gukoresha nabi amahera ya leta mu 2011, akatirwa igipfungo c'imyaka ibiri atabwirijwe kuja mu munyororo.