Igisasu c'umwiyahuzi cahitanye umu General muri Somalia

General Mohamed Jimale Goodaale yatewe ari hafi y'ubushikiranganji bujejwe kwivuna abansi Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption General Mohamed Jimale Goodaale yatewe ari hafi y'ubushikiranganji bujejwe kwivuna abansi

Umwiyahuzi ku murwa mukuru wa Somalia, Mogadishu, yahitanye umugaba mukuru mu gisirikare hamwe n'abarinzi biwe bashika batandatu.

Uwagavye ico gitero yahuriye umuduga urimwo igisasu ku rukurikirane rw'imiduga yari iherekeje General Mohamed Jimale Goobaale, ashitse hafi y'ibiro vy'ubushikiranganji bujejwe kwivuna abansi.

Yari amaze kurusimba kenshi, aho baba bagerageje kumugandagura.

Umugwi w'abarwanyi Al-Shabab wavuze ko ariwo wagavye ico gitero c'igisasu; ukaba wagiriza uwo mu General kuba awugambanira.