Buhari asaba Onu gufasha mw'irekurwa ry'abigeme b'i Chibok

Umukobwa umwe mubanyururijwe i Chibok ni we amaze kuboneka inyuma y’imyaka ibiri yaranyurujwe.
Image caption Umukobwa umwe mubanyururijwe i Chibok ni we amaze kuboneka inyuma y’imyaka ibiri yaranyurujwe.

Prezida wa Nigeria Muhammadu Buhari yahamagariye Onu gufasha mu biganiro na Boko Haram, mu kurangiza intambara imaze imyaka indwi no kurekura abigeme barenga 200 b’abanyeshure banyururijwe I Chibok.

Yavuze ko yokwemera gutanga abagwanyi ba Boko Haram bari mw’ibohero mu gihe bokwemera kurekura abo bigeme.

Ariko yavuze ko bigoye kumenya uwuramutswa Boko Haram ubu inyuma y’aho yiciriyemwo ibice muri uyu mwaka.

“Reta yari yiteguriye kugira ibiganiro, ariko ubu biragoye kumenya umutegetsi wo kwizera. Twoha ikaze Onu mu gihe yotubera umuhuza.”

Prezida Buhari yabivuze igihe hariko haraba inama nkuru ya Onu I New York.

Inyuruzwa ry’abo bakobwa ryatumye hatangurwa isekeza ry’ubutumwa bwa # BringBackOurGirls, bwashigikiwe n’umupfasoni Michelle Obama n’umwigeme aharanira agateka ka zina muntu wo muri Pakistan, Malala Yousafzai.

Umukobwa umwe ni we amaze kuboneka inyuma y’imyaka ibiri yaranyurujwe.

Mu mezi 18 aheze, Boko Haram yaratakaje uturere nka twose yagenzura, inyuma y’aho igiriweko ibitero n’abasirikare ba Nigeria hamwe n’ibihugu bibanyi.