Umudereva yagize umwanya mwiza mw'ibarabara rya Tongtian

Ibinyamakuru vyo mu Bushinwa bivuga ko iryo barabara rizwi nk'igitangaza kw'isi Uwufise ububasha kw’isanamu CHINA NEWS SERVICE
Image caption Ibinyamakuru vyo mu Bushinwa bivuga ko iryo barabara rizwi nk'igitangaza kw'isi

Umudereva w’umutaliano yazungurutse ibarabara rya Tongtian ryo mu Bushinwa, rizwi nk’irigoye cane kw’isi, mu mwanya ata n’umwe yari bwagire.

Fabio Barone yagiye ibirometero cumi na kimwe mu minota 10’31’’, kw’itariki 21 ukwezi kw’icenda.

Iryo barabara rifise amakorosi 99 agoye cane ari mu misozi ya Tianmen, ica kumetero ziri hagati ya 200 na 1300 hejuru y’ibahari.

Yakoresheje imodoka ya Ferrari yiwe yasubiyemwo kugira gusa agerageze guca aho hantu, ayigabanya ibiro mu gukurako ivyuma bimwe bimwe abisubiriza ibitaremereye cane.

Uwufise ububasha kw’isanamu CHINA NEWS SERVICE
Image caption Amwe mu makorosi arashikana ama degre 180

Si ubwa mbere Barone agendera mu misozi, yaragize umwanya mwiza mu mwaka uheze mw’ibarabara rica mu misozi ya Transfagarasan, muri Alp mu gihugu ca Roumania.

Umusozi wa Tianmen uramenyerewe cane, uramaze kwakira ihiganwa rya Red Bull “drift king”.

Uwufise ububasha kw’isanamu CHINA NEWS SERVICE
Image caption Barone yavuze ko anezerejwe n'umwanya mwiza yagize.