Ni nde agiye kuramutswa igihugu ca Gabon?

Ali Bongo yatsinze Jean Ping amurushije amajwi adashika 6.000 Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Ali Bongo yatsinze Jean Ping amurushije amajwi adashika 6.000

Vyitezwe ko sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa shingiro ishikiriza ingingo uyu musi canke ejo ku matati yadutse mu matora y’umukuru w’igihugu.

Uwatsinzwe muri ayo matora, Jean Ping, yarituye ubutungane, avuga ko habayemwo ubusuma.

Prezida Ali Bongo yatangajwe ko yatahukanye intsinzi mu matora yabaye itariki 27 z’ukwezi kw’umunani, aho barushanije amajwi adashika 6.000.

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Jean Ping yituye ibwirizwa shingiro kuko atemera ivyavuye mu matora

Mu gihe ivyavuye mu matora vyohinduka, buzoba bubaye ubwa mbere sentare ihakana ivyavuye mu matora y’umukuru w’igihugu muri Afrika, nk’uko bishikirizwa na Robert Gerenge, umukuru w’ikigo cishinze gukurikirana amatora na demokrasi muri Afrika(Electoral Institute for Sustainable Democracy in Africa)