Muri Gabon hari ubwoba, barindiriye ivyavuye mu matora

Sentare y'ibwirizwa nshingiro ya Gabon niyo igomba gutangaza uwatsinze Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Sentare y'ibwirizwa nshingiro ya Gabon niyo igomba gutangaza uwatsinze

Abantu ku murwa mukuru wa Gabon, Libreville, biriwe barasuma ivyo kurya imbere y'uko sentare itangaza uwatsinze amatora y'umukuru w'igihugu.

Hari imirongo miremire imbere y'amabanki n'amangazini.

Leta yavuze ko umukuru w'abatavuga rumwe na leta, Jean Ping, ariwe azobibazwa nihaba ubwicanyi, sentare y'ibwirizwa nshingiro imaze gutangaza ivyavuye mu matora.

Iyo sentare igomba kumenyesha nimba bagomba gusubiramwo guharura amajwi.

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Hari imirongo mire mire imbere y'amabanki n'amangazini.

Amatora yari yatsinzwe n'umukuru w'igihugu Ali Bongo, arushije uwo bahiganwa amajwi ibihumbi bitandatu gusa, bitewe n'uko abitavye amatora mu ntara avamwo bari benshi.

Abatavuga rumwe na leta bavuze ko amatora yibwe.