Perezida Bongo yifuza kuganira n'abo batavuga rumwe

Perezida Bongo yarushije amajwi make Jean Ping Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Sentare yanse ko amajwi asubirwamwo guharurwa

Sentare yubahiriza ibwirizwa nshingiro yaraye yemeje mw'ijoro ryakeye ko perezida Ali Bongo yari asanzwe ayobora Gabon, ariwe yatahukanye intsinzi mu matora aheruka y'umukuru w'igihugu.

Perezida Bongo yarushije amajwi make cane Jean Ping yitoje ku ruhande rw'abatavuga rumwe na leta.

Mw'ijambo yashikirije kuri tereviziyo y'igihugu, inyuma y'iyo ngingo ya sentare, Ali Bongo yavuze ko yifuza ko abamushigikiye n'abo batavuga rumwe bokorera hamwe ku nyungu z'igihugu.

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Perezida Bongo arahakana ko amatora yibwe

Sentare yubahiriza ibwirizwa nshingiro yimye agaciro ikirego abatavuga rumwe na leta bari batanze, aho basaba ko amajwi yosubirwamwo guharura hisunzwe ivyegeranyo vyavuye mu bibanza vyo gutoreramwo.

Bo bemeza ko ayo majwi yibwe, umukandida wabo Jean Ping ariwe yaronse amajwi menshi.

Habaye imigumuko mu ntango z'uku kwezi, aho hamariye gutangwa ibiharuro vy'infatakibanza vyerekana ko perezida Ali Bongo ari we yatsinze ku majwi 50.66% , arushije Jean Ping amajwi adashika 6000, aho nawe yaronse 47.24%.

Abatavuga rumwe na leta bemeza ko abantu barenga 50 bishwe muri iyo migumuko.