Aleppo isugerejwe n'ibitero

Abantu baracagomye mu bohomoka vy' inyubakwa zabomowe n'ibitero vy'indege Uwufise ububasha kw’isanamu 21/09/2016 AFP/Getty Images
Image caption Umunya Syria ateruye umwana yarokoye mu bihomoka

Abantu baharurwa mu majana bivurwa ko bakigomye munsi y'ibihomoka vy'inyubakwa zasambutse, nayo amavuriro n'ibitaro vyarengewe n'ibitigiri vy'abakomeretse bifuza gutabarwa.

Ishami ry'ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho abana UNICEF, rimenyesha ko abakozi bajejwe gutanga infashanyo bemeza ko batari bwabone akaga kangana gutyo kuva mu myaka itanu iyo ntambara imaze muri Syria.

Ishirahamwe mpuzamakungu rimenyesha ko ONU rimenyesha ko abantu bagera kuri miliyoni zibiri muri Aleppo batagira amazi namba, nayo intambara zabujije abafundi kuja gusanura urugomero rwasunika amazi ashika muri ico gisagara.