Abarundi biyamirije raporo ya ONU

Ubutumwa abri bafise n' ubwo kubwira ONU ko ata honyabwoko riri mu Burundi Uwufise ububasha kw’isanamu None
Image caption Abitabiriye urugendo rwo kwiyamiriza ONU baharurwa mu 5000

Iyo raporo yagirije leta y'Uburundi ko ihonyanga agateka kazina muntu, harimwo inyuruza ry'abantu, kwica no guhohotera.

Ico gisata ca ONU casavye gishimitse y'uko ishirahamwe mpuzamakungu ONU hamwe n'amakungu bahagurukire vyihuta ico kibazo c'agateka kazina muntu mu Burundi imbere y'uko ibara rirwa.

Iyi Raporo iravuga ko hamwe amabi ariko arakorwa atohagarikwa, hari impungenge z'ihonyabwoko.

Imyerekano ikaba yabaye mu gihugu cose, aho abyitavye bari bafise ubutumwa bumwe; kwiyamiriza iyo raporo ya ONU.

Mu murwa mukuru I Bujumbura niho hitabwe abantu benshi aho abagendesha amakinga n'ama pikipiki bari kumwe n'abantu benshi bariko bararirimba, bavuga amajambo yo kwiyamiriza iyo raporo.

Uwufise ububasha kw’isanamu None
Image caption Abitabiriye ico gikorwa mu vyo bavuga harimwo ko 'ata honyabwoko riri mu Burundi''

Mu vyo bavuga harimwo ngo: "Abarundi turi bamwe, dukoresha ururiimi rumwe nta honya bwoko rizoshoboka mu gihugu cacu".

Urwo rugendo rw'imiyerekano rukaba rwasozerewe imbere y'ibiro vy'uwuserukira igisata ca ONU kijejwe agateka kazina muntu mu Burundi, biri muri Quartier INSS muri zone Rohero, muri commune mukaza.

Umwunganirizi w'umushikiranganji w'intwaro yo hagati Therence NTAHIRAJA niwe yavuze ijambo kw'izina rya leta y'uburundi.

Yavuze ati: "ihonya bwoko ntirizo shikira abarundi".

Yasavye y'uko iyo raporo ya ONU yofutwa.