Amarori afise video ya Snapchat

Camera ya Spectacles ibona mu nfuruka yagutse , 180 degre Uwufise ububasha kw’isanamu SNAP
Image caption Hazobanza gusohorwa gitigiri gito ca Spectacles

Snapchat ivuga ko ayo marori y'izuba, yahaye izina rya "Spectacles", ashobora gufasha uyakoresha gufata amasanamu ya video yifashishije akuma ka 'camera' gato cane.

Ijisho ry'iyo 'camera' ribona kugeza ku nfuruka ingana n'ica kabiri c'umuzingi wose (dogre 180), nk'ijisho bwite ry'umuntu.

Ubwo bwaguke buruta ibwo izindi camera terefone zo mu bwoko bwa smartphone zisanganywe.

Uwufise ububasha kw’isanamu SNAP
Image caption Isanamu ifashwe na Spectacles ica irungikwa kuri Snapchat

Isanamu ifashwe n'ayo marori ica irungikwa ubwo nyene muri Snapchat, guryo umuntu agashobora gusangira n'abandi bakoresha Snapchat.

Ikompanyi ya Snapchat ishaka guhindura izina ikiyita "Snap Inc", kubera ivyo imaze kwongera kuri ubwo buryo bwa Snapchat bwo guhanahana amakuru canke kuganira (app).