Manchester United yanyagiye Leicester 4-1

Marcus Rashford (ibubanfu) amaze gutsinda ibitego 3 mu nkino 3 Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Paul Pogba (iburyo) yatsinze igitego ca mbere ca Manchester United

Igitego catejwe umutwe na Chris Smalling nico cugururiye ibindi, yunganirwa na Juan Mata, ku munota wa 37.

Marcus Rashford yongeyemwo ica gatatu ku monota wa 40, ata n'iminota ibiri iheze Paul Pogba aba yongeyemwo ikindi n'umutwe.

Ibitego vyagumye ari bone kuri kimwe ca Leicester city cinjijwe na Demarai Gray kugeza urukino rurangiye.

Capitaine Rooney yahonyoje ikirenge mu kibuga hasigaye iminuta indwi ngo urukino rurangire.

Umumenyereza wa Manchester United Jose Mourinho, yaheruka kuvuga ko bibaye ngombwa ko Morinho yicarikwa yicarikwa, bikenwe ko aguma imuhira aguma muhira.

Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Wayne Rooney yaheruka kwicarikwa muri Premier League mu mwaka uheze

Rooney yasibiriye Rashford ku ruhande rw'ibubanfu.

Kugeza ubu ntibizwi neza aho Mourinho yifuza kumukinisha.