Muri Uganda aba 'gay' babujijwe gukorana

Abahuza ibitsina babisangiye bashaka gukorana mu birori ariko polisi irababuza Uwufise ububasha kw’isanamu NOne
Image caption Abahuza ibitsina babisangiye bashaka gukorana mu birori ariko polisi irababuza

Abantu baharurwa mu mirongo bari bateguye guhurira hamwe, basanzajwe n'igipolosi mu muji wa Entebbe, igihe bagerageza guhurira ku nkengera z'amazi muri uwo muji.

Igihe abo bantu bagerageza kwimurira ibirori vyabo ahandi iruhande y'amazi y'ikiyaga Victoria, naho nyene igipolisi cabakuyeho.

Uwufise ububasha kw’isanamu None
Image caption Polisi ya Uganda yaherekeje imdokari zuzuye abariko bashaka gukorana, berekeza i Kampala

Abapolsi baciye baherekeza imodokari za bisi zigera kuri zitanu zuzuye abantu, zerekeza mu murwa mukuru Kampala.

Umushikiranganji wa Uganda ashinwe umuco n'inyifato ibereye, Simon Lokodo, mu kwezi guheze yavuze ko atazokwemera ibiroro ivyo ari vyo vyose biteguwe n'abahuza ibitsina babisangiye.

Guhuza ibitsina hagati y'ababisangiye canke 'homosexualite', bihanwa n'amategeko muri Uganda