Nyuma yo kuvugwa ko yarashwe yaserutse

Umukuru wa Boko Haram yabeshuje amakuru y' igisirikare Uwufise ububasha kw’isanamu None
Image caption Abu Bakar Shekau vyari vyavuzwe ko yarashwe mu kwezi guheze

Muri video yiwe, Abu Bakar Shekau ahakana amakuru yari yatanzwe n'igisirikare y'uko yoba yarishwe canke yakomerekejwe cane mu bitero vy'indege vyo mu kwezi guheze.

Abubakar Shekau yagaragara nk'umeze neza muri iyo video yavugiramwo mu ndimi z'icarabu, Hausa na Kanuri.

Igihe iyo video yoba yarafatiwe ntikizwi neza.

Igisirikare ca Nigeria ntaco kirabivugako.