Telescope nsha y'Ubushinwa yatanguye gukora

Mu ntara ya Guizhou niho hashizwe ikibanza co kurabiramwo ibiba hanze y'ikirere Uwufise ububasha kw’isanamu NATIONAL ASTRONOMICAL OBSERVATORIES/ CAS
Image caption Igisahani ca Telescope y'Ubushinwa gifise ubwaguke bwa metero 500

Telescope y'Ubushinwa ironka amakuru avuye ku kinyenyeri kiri nko ku kirometero ziharurwa muri tiriyari ibihumbi icenda uvuye kw'si (1000 annee lumieres).

Ico cuma kizofasha abashakashatsi gutahura ibiri kure hanze y'ikirere, barabe nimba hari ibindi binyabuzima bitari ivyo kw'isi n'uko bibayeho.

Abahinga mu bijanye no kwiga ibinyenyeri bita aba "Astronomists" n'abandi bakunda ben'ubwo bushashatsi bagiye kurorera itanguzwa ry'ico gikorwa.

Igisahani gifise umuzunguruko munini c'iyo telescope cateretswe mu misozi yo mu ntara ya Guizhou.

Abantu bagera ku 8000 barimuwe kugirango haboneke ikibanza c'uwo mugambi.