Jordanie: Umunyamakuru yarasiwe kuri sentare

Nahid Hatter yari yaronse ubutumwa bw'iterabwoba kuri Facebook Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Abapolisi baciye banzenguruka aho Hatter yarasiwe

Nahid Hatter yagirijwe icaha mukwezi kw'umunani guheze, amaze gushira ku rubuga rwiwe rwa Facebook, igicapo gitwenza, kinegura abagendera ku vyiyumviro vy'ubutagondwa muri islamu.

Ico gicapo ciwe cerekana umurwanyi wa Islamic State aryamye mu gitanda ari kumwe n'abagore babiri, ariko atuma Imana kumuzanira ico kunywa.

Ikinyamakuru ca leta ca Yordaniya, kimeneysha ko bwana Hatter yagemwe n'amasasu atatu, kandi ko uwamurashe yahavuye atabwa muri yompi.