Mu Buswise bemeje itegeko ryo kuneka

Itegeko risha ryatowe riha ububasha abategetso bwo kugenza abantu Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Abategetsi bo mu Buswise bavuga ko bakeneye gukurikirana abakekwa

Ibiharuro vya nyuma vy'amatora yabaye mu bu Swise, vyerekana ko ibice 66% vy'abatoye bemeje itegeko ryongera ububasha abajejwe iperereza.

Itegeko rishasha ryatowe mu Buswise, rizofasha abategetsi kwabura abafise ama terefone, gukwirikirana ivyo bakora kuri internet, canke bagakoresha ivyuma vyo gufata amasanamu bita camera, ndetse n'ivyuma bifata amajwi mu kuneka abantu.

Igikorwa icari co cose co kuneka abantu ngo kizobanza kwemezwa sentare y'igihugu, ubushikiranganji bwo kwivuna abansi, hamwe n'inama y'abashikiranganji.

Abadashigikiye iryo tegeko, bavuga ko rizobangamira uburenganzira bw'abanyagihugu, ariko abarishigikiye bavuga ko Ubuswise bukeneye guhanvya ibindi bihugu.