Abantu 17 bipfuye bahunga muri Beni-DRC

Beni ikunze kugabwako ibitero, aho abantu bicishwa ibirwanisho bitemana Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Abagore bariko bararira iruhande y'umwe muri 7 bishwe mu gitero giheruka i Beni kuwa 22/09/2016

Abanyagihugu bo mu karere ka Beni mu buseruko bwa Congo bikanze igitero c'umurwi usanzwe ukunda kuhagaba ibitero.

Abenshi muri bapfuye batwawe, abandi bafashwe n'umutima.

Amakuru ava muri Beni avuga ko ibintu vyagiye kuyangara igihe umusirikare yari mu mwambaro usanzwe yatangura kurasa mu kirere.

Abaharanira uburenganzira bwabo bavuga ko abantu bagera ku 1000 bamaze kwicwa kuva mu myaka ibiri iheze muri Congo, mu bitero bikekwa ko bikorwa n'umurwi ADF Nalu uturuka mu gihugu kibanyi ca Uganda.