Mazembe yananiranywe na Etoile du Sahel

TP mazembe yanganije na Etoile du Sahel 0-0 Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption TP Mazembe igiye mu gice ca nyuma ca CAF

Imigwi ya TP Mazembe na Etoile du Sahel, ari nayo yatwaye ibikombe mu mahiganwa akomeye y'umupira w'amaguru ku mugabane wa Afrika umwaka uheze, yahuye ubugira kabiri mu rukino rwo kwishurana, i Lubumbashi.

Kuba iyo mirwi yompi itashoboye gutsinda na kimwe mu rukino rwabahuje yu munsi, vyatumye ica inganya 1-1 inkino zompi zifatiwe hamwe.

TP Mazembe yinjiye mu goce ca nyuma c'amahiganwa ya CAF kubera igitego yaronkeye Sousse ubushize catumye ica inganya na Etpoile du Sahel yari yayitanze mu kuronka igitego ubwa mbere.

Uru rwari urukino rugira gatatu hagati y'iyo mirwi uyu mwaka, aho Mazembe ariyo yatwaye igikombe ca CAF Super Cup mu kwezi kwa kabiri ku ntsinzi ya 2-1.