Perezida Hollande yahagurukiye abimukira

Abenshi mu bimukira bari Calais bashaka kujabuka mu Bwongerza Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Igipolisi gikunze kwiruka inyuma y'abashaka kwurira amakamyo iCalais

Abenshi mu bimukira baharurwa mu bihumbi bacumbitse ku cambu ca Calais baraririye kujabuka mu gihugu kibanyi c'Ubwongereza mu buryo budaciuye mu mategeko.

Yavuze ko iyo kambi bataziriye 'jungle' (igihuru) itegerezwa gukurwaho.

Bwana Hollande yavuze ko Ubwonegerza butegerezwa kugira uruhara mu gikorwa co gutorera umuti ikibazo c'ikambi ya Calais.

Ibikorwa vyu kwubaka uruhome ku nkengera z'ibarabara rikuru mu ntumbero yo kubuza abimukira kwurira amakamyo yinjira mu Bwongereza, vyaramaze gutangura.

Abanyamakuru bari mu Bufaransa bavuga ko yafashe umurongo ukarishe mu gukumira abimukira , mu ntumbero yo kwigarura amajwi mu matora yimirije umwaka uza.