Bacteries zishobora gutera umuvyibuho urenze?

Umwanda umuntu asohoka uba urimwo udukoko bita bacteries Uwufise ububasha kw’isanamu Science Photo Library
Image caption Ibice 50% vy'ivyo umuntu asohoka biba bigizwe n'utunyabuzima uva mu nda

Abashakashatsi bari basanzwe bazi ko abantu badafise ubwoko butandukanye bw'izo 'bacteries' mu mubiri, bashobora kugira ikibazo c'ubuvyibuhe burenze urugero.

Ico cirwa gishasha cakozwe n'abashakashatsi bo kw'ishure kaminuza ry'ubunganga -King's College rya Londres, cerekanye ubwa mbere ko ibinure bikunda kwiyegeranya amahera haruguru mu gice co kunda, mu gihe ico kibazo kiba caturutse cane cane ku ngwara z'umutima, diyabete n'izindi.

N'ubwo bitaremezwa neza, kugira ubwoko buke bw'itwo tunyabuzima bita 'bacteries' mu mubiri ngo bishobora gutuma izifasha kugumiza ibinure mu mubiri nazo zirwirirana.