Yafatanywe amara y'umugabo wiwe mu mizigo

Umgore yatwaye insogi z'umugabo ashaka kumupimisha uburozi Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Abajejwe gusuzuma imizigo ku kibuga ca Graz basanzemwo insogi z'umuntu

Insogi zafatiwe ku kibuga c'indege zari zizingiye mu matu abir nk'uko vyatangajwe n'ibinyamakuru vyo muri Australia.

Izina ry'umugore yari ifise ayo mara mu mizigo yiwe ntiyatangajwe ariko, ariko bivugwa ko yisobanuye ko yaketse ko umugabo wiwe yoba yishwe n'uburozi, nk'uko bivugwa n'ikinyamakuru Kleine Zeitung.

Uwo mugore yavuze ko yashaka kuja gupimisha ku baganga, izo nsogi z'umugabo wiwe yapfiriye muri Maroc aho yabagiwe.

zo Insogi zari zizingiye mu matu abiri nk'uko vyatangajwe n'ibinyamakuru vyo muri Australia.

Abakozi bo ku kibuga c'indege ca Graz, bahamagaye umuganga kuza gusuzuma izo nsogi, ariko ngo yavuze ko bidashoboka kumenya icamwishe adafise umubiri wiwe wose.