Ikiganiro ca H. Clinton na D. Trump

Trump na Mme Clinto kuri kaminuza ya Hampstead N Y Uwufise ububasha kw’isanamu AP/David Goldman
Image caption Donald Trump na HIllary Clinton baramukanye imbere yo gutangura ikiganiro

Mu kiganiro cabahuje ubwa mbere kuri tereviziyo y'igihugu nk'abakandida baharanira kuyobora Leta zunze Ubumwe za Amerika, Donald Trump yabajije nimba Hillary Clinton yoba afise utuguvu dukwiye.

Ariko abnyamakuru bakurikiye ico kiganiro bavuga ko bwan Trump ariwe ahubwo yaboneka nk'uwurushe, kandi yasa n'uwugerageza kwikura Madame Clinton cane cane mu minota ya nyuma y'ico kianiro camaze isha n'igice.

Umwe wese yagerageje uko ashoboye gushira hasi mugenzi we, aho Trump yemeje ko ari we wenyene afise ubushobozi bwo gutsinda amatora y umukuru w'igihugu.

Uwufise ububasha kw’isanamu AP/David Goldman
Image caption Trump yisonuye ku kibazo co kudashira ahagaragara amakori avuga ko ari kubera azi ubwenge

Hillary Clinton yagirije bwana Trump ko atariha matagisi, nayo Trump avuga ko ivyo bigaragaza ko aciye ubwenge.

Yongerako ko azogaragaza ivyerekana uko ariha ayo matagisi niyo Madame Clinton nawe yashira ahagaragara inzandiko zaciye kuri aderese yiwe bwite ya e-mail yakoresheje mu kibanza c'iyo akazi igihe yari umushikiranganji w'imigenderanire.

Image caption Uko Clinton na Trump bahagaze mu biharuro vy'igenderereza vy'uko biyamamaza

Abihweza utuntu n'utundi, bemeza ko vyagaragaye ko Hillary Clinton yiteguye neza kandi vyamugiriye akamaro muri ico kiganiro, aho ku kibazo cose yagenda atanga inyishu zishimikijwe n'uturorero.

Bavuga kandi ko n'ubwo vyagaragaye ko Donald Trump nawe yari ifise intuymbero yoteguye kwisunga muri ico kiganiro, hari hao yagenda asubizwahasi n'ibibazo vya Hillary Clinton ahandi naho yitega.