ICC yakatiye Ahmad al-Faqi al-Mahdi

Urubanza rwa Ahmad al-Faqi al-Mahdi rurasomwa uyu munsi Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Ahmad al-Faqi al-Mahdi yavuze ko yicuza ku vyo yakoze

Ahmad al-Faqi al-Mahdi yiyemereye icaha imbere ya sentare mpuzamakungu mpanavyaha -ICC, co gusambura intatemwa zo mu muji wa Timbuktu.

Igihe umurwi wishimikiza amategeko ya ki islamu wifatira karere k'uburaruko bwa Mali, Ahmad al-Faqi al-Mahdi niwe yayoboye ibikorwa vyo gusambura inyubakwa zo muri Timbuktu.

Inyubakwa zasambuwe zirimwo intatemwa n'imisigiti mu kibanza gishinguye ivya kera vyaranze idini rya islamu.

Uwufise ububasha kw’isanamu None
Image caption Abarwanyi bari basambuye bimura uurugi rw'umusigiti wa Sidi Yahia mu 2012

Uyu mugabo yahanishijwe umunyororo w'imyaka icenda, yerekanye ko asa n'uwicuza ku vyaha yakoze.

Sentare mpuzamakungu mpanavyaha ivuga ko hari ibituma uyu mugabo yari gupfungwa gushika ku myaka 30, yoroherezwa ighihano.

Bimwe muri ivyo n'uko yerekanye ko yicuza, kandi yabanje kunana gukora ico caha, atako ababazwa n'imiryango y'abo cagizeko ingaruka.

Ikindi kandi ngo kwemera icaha vuba vyatumye iyo sentare idata umwanya canke ngo isesagure mu rubanza rwiwe.