Umuti musha w'igituntu uhabwa abana

Umuti w'igituntu ku bana ushobora gukororwa mumazi Uwufise ububasha kw’isanamu NOne
Image caption Abana barwaye igituntu bahora bahabwa imiti iteye kumwe n'iyo abakuze

Umuti mushasha wagenewe abana, ugiye gusubirira ibinini vyinshi vyahora bitangwa mu kuvura abana igituntu, ibini mu bisanzwe biteye kumwe n' ibihabwa abantu bakuze.

Umuti mushasha wo kuvura abana bafashwe n'igituntu uzokworohereza abana kurangiza ikiringo cose c'amezi atandatu bgategerezwa kumara bafata umuti w'ingwara y'igituntu.

Kugeza ubu abana bahoira bahabwa ibinini vy'ubwoko butatu nk'uko biri ku bakuze, bakabanza kubisya.

Abana baharurwa muri miliyoni barafatwa n'ingwara y'igituntu hirya no hino kw'isi buri mwaka.

Abahinga bavuga ko uwo muti mushasha wabonetse uzofasha gusumba kubera uzoba utangwa ku rupimo rukwiranye n'abana.