Al-Shabaab ivuga ko ifise umusoda wa Uganda

Uganda kiri mu bihugu bitanga abasikare benshi muri Somalia Uwufise ububasha kw’isanamu AFP/Getty Images
Image caption Umwana w'umunya Somalia ariko akina n'abasirikare ba AMISOM

Muri video y'iminota itandatu, umugabo aboneka ari mumyambaro y'igisirikare ca Uganda, yasavye perezida wa Uganda Yoweri Musevani, gufasha mu kumurekuza.

Avuga ko yafashwe n'umurwi Al-Shabaab mu gitero uwo mugwi wagavye ku kigo c'abasirikare b'ishirahamwe ry'Ubumwe bwa Afrika mu gisagara ca Janale, aho yemeza ko abasirikare bari hagati ya 40 na 50 bishwe.

Umukuru w'igisirikare ca Uganda avuga ko atarabona iyo video.

Uganda nico gihugu gitanga abasirikare benshi gusumba ahandi mu bari mu butumwa bwo kugarura amahoro mu nteko z'Ubumwe bwa Afrika.