Bongo yarahiye kwongera kuyobora Gabon

Ali Bongo yasubiriye se yitavye Imana amaze imyaka 40 ku butegetsi Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Ali Bongo yafashe ubutegetsi asubiriye se Omar Bongo mu 2009

Perezida wa Gabon, Ali Bongo, yarahiye kwongera kuyobora igihugu mu kiringo kigira kabiri c'imyaka indwi, inyuma y'amatora atumvikanyweko, abantu bakarwa mu ntureka zayakurikiye.

Perezida Ali Bongo yarahijwe inyuma y'iminsi itatu sentare yubahiriza ibwirizwa nshingiro yimye agaciro ikirego cari catanzwe n'uruhande rw'abatavuga rumwe na leta bifuza ko amajwi asubirwamwo guharurwa.

Uwujejwe imigenderanire mw'ishirahamwe mpuzamakungu Federica Mogherini, avuga ko iyo sentare yananiwe gutorera umuti utunenge twabonetse mu matora aheruka muri Gabon.

Ali Bongo, yageze ikirenge mu ca se Omar Bongo, nawe yamaze imyaka 40 ku butegetsi.

Ali Bongo, yarushije amajwi adashika 6000 uwari imbere mu bo bahiganwa.