Papa yateye akamo abarwanira Aleppo

Papa : abatera ibisasu Alepo bazobibazwa n' Imana" Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Papa yasavye abarwanira Aleppo gushira invugu zose mu gukingira abanyagihugu

Amakuru aturuka mu barwanya leta ya Syria yemeza ko ibitaro bibiri bifasha abahahamutse biri mu gace k'ubuseruko bwa Aleppo kiziziwe n'ibitero, vyatumberejwe n'ibitero, ariko ntibizwi neza nimba hari ico vyononye.

Ariko umwe mu barwanya leta yabwiye BBC ko ivyo bitaro bisa n'ibigikora neza.

Umwungere wa Ekleziya Katolika yiyamairije ivy bisasu biriko biramijagirwa muri Aleppo, bihitana ubuzima bw'abanyagihugu basanzwe.

Papa Francis yavuze ko ababikora bazobibaza imbere y'Imana.

Mw'ijambo yashikiririje kukibanza citiriwe Petero mutagatifu i Roma, papap yise uwo muji wa Aleppo, "umuji usanzwe uriko ubabazwa mu buryo budasanzwe nk' ubwo abamaratiri, aho abantu bose bariko barapfa".

Papa yahamagariye impande zose gukoresha inguvu zose bagakingira abanyagihugu

Kuva mu minsi iheze, ingabo za leta ya Bashar al Assad zishigikiye n'Uburusiya, zatanguye urugamba rw'abasirikarebarwnaira ku butaka, mu ntumbero yo kwisubiza uduce tewari twarifatiwe n'abarwanya leta.